NINDE YOKWUNGUKIRA MURI ICO CAHA?

NINDE YOKWUNGUKIRA MURI ICO CAHA?

Géopolitique

NI NDE YOKWUNGUKIRA MURI ICO CAHA ?

Haraciye imyaka irenga mirongo itatu, Ubuseruko bwa Kongo Iharanira Demokarasi hahindutse ikibanza c’ubwicanyi butagira izina bukorwa n’igisirikare mvamahanga kizwi neza kandi kimenyekana ata gukekeranya, yamara uravye agacerere gakikuje ivyo bitero no gufata ubutaka bw’igihugu kibanyi, umuntu yokwibaza ko amakungu yahindutse impumyi, canke ko ayo makungu ashigikiye uko kwigarurira ubutaka bw’ikindi gihugu ?
Mbega twoha ikibanza ubuhinga bw’irementanya canke twokwiha ibibazo ku gacerere kaziba amatwi kiganje mu bisata vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, nk’Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU, nk’Umugwi wa ONU ujejwe Agateka ka Zina Kiremwa Muntu, hamwe n’ibindi bisata vya ONU bijejwe gutanga imfashanyo, nka za PAM na HCR zifise amaraporo ku vyago vyuarije abenegihugu bo Buseruko bwa Kongo Iharanira Demokarasi !
Ni ngombwa guhagarika ubwo buryarya bwo kwizera ukwiriza kw’umwicanyi yigira uwahohotewe !
Ntituzohengeshanya kubivuga: Igisirikare c’Uburundi, aba FDNB, ni igisirikare gikorana ubuhinga n’ubumenyi buhanitse, kizwi neza ko ku rugamba atawocigereranya. Kugira mwemere ibi tuvuga, muragerageza mubaze ba basoda b’abanyamerika ba karuhariwe mu kugwana, bita “Forces Spéciales”, mu kinyamazuru, bagwanye n’intagondwa z’aba-islam, Al-Shabab muri Somaliya ariko birangira abo basoda ba Amerika bavayo batsinzwe bimwe vy’akamaramaza. Yamara, Inserukarukamvye zigize igisirikare c’Uburundi, FDNB, kihageze carirukanye aba Al-Shabab mu Kibanza c’Ubushikiranganji bwo Kwivuna Abansi muri Somaliya, Ikibanza c’Ibiro Bikuru vya Gisirikare, Ikibanza c.Ishure Kaminuza ya Gisirikare, hamwe n’Ibitaro Bikuru vya Gisirikare vya Somaliya ; ibibanza bine bihambaye vyari vyarigaruriwe na Al-Shabab imbere yuko Ingabo z,Uburundi zishika muri Somaliya !
Ariko uno musi aho Ingabo za FDNB ziri muri Kongo Iharanira Demokarasi mu gufata mu mugongo bagenzi babo ba FARDC kugwanya umwansi yabateye, azwi neza ko yica, agafata ku nguvu utwana tw’udukobwa n’abakenyezi b’abanyekongo, abo bicanyi bakongera bagasahura izuba riva amabuye y’agaciro ya Kongo, abo bicanyi karuhariwe nibo bakwiragiza ku mbua ngurukana bumenyi ububeshi n’ibitutsi !
Ikibazo kimwe gusa nico kwibazwa n’amakungu: Ni nde yokungukira muri ico caha ?
Ni nde yagiriza igisirikare c’Uburundi ko kigomba gukora ihonyabwoko ry’Abanyamulenge, kiretse ico gikoresho co kwica, kigizwe na Twigwaneho ⁄ M23 ⁄ RDF, kuko ari bo bakoze ishano mu kwica abanyekongo barenga imiliyoni cumi na zitanu kuva bateye Kongo mu 1998 gushika uno musi ?
Abanyamulenge bari mu Burundi kuva mu ntango y’iyo ntambara yazanywe ku gahato muri Kongo kandi bakingiwe n’ico gisirikare bagiriza mu bubeshi, ariko bafise intumbero. Abanyamulenge bari mu ma kambi y’impunzi ya Musasa, Mwakiro na Bwagiriza, hari kure y’ibifata amshusho, yamara nta munyamulenge n’umwe arigera yidoga ko yafashwe nabi muri ayo makambi y’impunzi. Abandi banyamulenge baba mu mahoro menshi mu bisagara bitandukanye vy’igihugu kandi nta na rimwe barigera bitwara canke ngo bavuge ko babangamiwe. None, ni gute amakungu yose iyo ava akagera ashobora gutamikwa ubumara, ariko akigumira mu gacerere nta ngere ?
Yamara, na se w’ikinyoma, Shetani ubwiwe, ntiyoshobora kwemera iryo rementanya rikabije kandi ry’uruhendo !
Publié le 04/12/2025 à 23:18
← Retour aux articles