UMUKURU W'IGIHUGU N'ABENEGIHUGU (TUYAGE)

UMUKURU W'IGIHUGU N'ABENEGIHUGU (TUYAGE)

Général

Ibibazo vy'abenegihugu Umukuru w'igihugu c'Uburundi yabitangiye inyishu

Ku kibazo c'ubutungane cabajijwe n'umwenegihugu avuga ko hari indongozi zigira abadahangarwa mu kurenganya abenegihugu, umukuru w'igihugu yamenyesheje ko bodomako urutoke abo bantu bose bigira ibihangange, maze abake ubwo budahangarwa baheze bakubitwe intahe mu gahanga.

Abahoze ku rugamba barabaza ikibazo kijanye n'isinywa ry'itegeko rigenga abahoze ku rugamba harimwo abamugariye ku rugamba. Umukuru w'igihugu yabishuye ko ryashizwe mu ngiro, ngo ahubwo hariho abatashoboye kwiyandikisha, ati bizosaba ko basubira gutegekanya uburyo bwabo.

Ikibazo c'ukwo Abashikiranganji batitaba canke ngo bishure abenegihugu babaterefona, Umukuru w'igihugu Ndayishimiye Evariste yishuye ko uwutazokwishurwa yoca amwandikira ubwiwe akamuha ubwo butumwa nyene aba yarungikiye Umushikiranganji kuri "whatsapp", maze na we aheze ayihe uwo Mushikiranganji amubaze igituma atishura abenegihug, canke amubwire ko yomuha inyishu kugira amwishurire.
Publié le 26/12/2025 à 11:56
← Retour aux articles