BARARUHIHA
Géopolitique
WEBARARUHIGA WE ! BARARUHIGA SHA!
Imipaka ngo iruguruwe ? Eka da!!!
Wamuhari w’inkorabara woba wakunjuye canke biyambitse gisivile nkakumwe babikora mu minsi yahera?
Haraciye igihe gito aho Mu gitondo cakare abacongomani bazindukiye mu munezero mwishi aho bihereje amabarabara berekana akanyamuneza kubona umuhari w’iterabwoba wabavuye kugakanu. Aho ukaba atakindi urajwe ishinga atari kwica, gufata kunguvu ibibindo n'abakenyezi, no kunigira mu menshi ubuzima bwabanyamahoro. Nta munsi numwe igihugu ca Congo turumva ko cabujije amahoro igihugu kibanyi.
Mbe ubwo burenganzira igihugui c’ u Rwanda kibukura hehe, bwo kuvogera igihugu c’ ikukiye izuba riva amakungu abirabisha amaso? Maze bigacika nkurukino.
Mbe hari igihugu gisumba ikindi? Mbega Ho mu masezerano ya EAC canke SADEC hari uburenganzira igihugu c’ urwanda kironka co guhungabanya, kwica, guhonyanga agateka k abantu, kwica abenegihugu kibahora iki? Nta motif nimwe ihari yo kuzimanganya ubuzima bw’ Umuntu. Nta motif nimwe ihari yo kwigira umwami wakarere canke umwami w’ Ubwoko mugihe uriko urabica. Mbe twokwiyumvira ko ubwicanyi buhoraho? Uwo mukuru w’ igihugu muri Speeches ziwe yirata kumena amaraso, imvugo ziwe zikarangwa no kurasa abantu, amajambo yiwe ntaterambere arimwo, huzuyemwo gusuzugura abantu , gutyoza abo bangana. Umukuru w’ Igihugu aba Se w'Igihugu ngo ayobore, harimwo abamuyoboka n abatamwumva ariko abo bose urabatunganiriza utaravye nkunzi, utaravye icuri. Abantu kubicisha imvunja, ukabicisha inzara ngo bapfunge umukanda abandi bagapfira mumunyororo aho ngo uriko urwanira abanyamulenge batagutumye. Bigenda gute kwicisha INZARA , imvunja abenegihugu bawe maze ukavuga kugiye kurwandira ubundi bwoko buri mukindi gihugu cikukiye?
Vyogenda gute ngo atwumvishe ingene
Abiwe zirara zirasha ariko akagira umwete wo kuja gutabara abandi urwiwe ruriko ruratokombera,
Mbega ubwo bwenge abukura hehe? Nihehe canke nikihe ciza mwabonye cavuye mu Rwanda ngo kinezereze abanyamulenge? Ko nabahungiye mu Rwanda ata jambo bagira ubwanwa bwapfutse umunwa.
Amanyanga yose yokorwa canke yakozwe ubu ntanguvu akigira. Ivyakozwe vyose mu bwihisho kuva 1994 gushika iyisaha vyaragiye ahabona. Uruyeri ubu rwarasesekaye kukarubanda. Kugura inkoho canke ubwirinzi motif ngugira ucungere umutekano wabantu bishwe n’ inzara? Kweli ngubu nibwo butegetsi buva kubanyarwanda bukabasubirako? Kugura drone, imvunja zishe abawe mbe harimwo imiti ingana gute yokubavura? Harimwo imifuko y ibigori n ‘ ibiharage bingana gute vyo kugaburira rubanda nyamwishi ikigoyi kinigiye mugihugu hagati? Mbe mugihugu cose ukenesheje aburongoye hanyuma akazu kawe ukagaha vyose mbe utakiriho bizoherera hehe ko n’ Isi izokuvuma na satani ategwe ubwoba bwo kukwakira mu bwami bwiwe.
Kuko satani azibaza ikibi iyo wagikuye maze akwihakane kuko azokwereka ko umusumvya ububegito.
Ubwo koko turibaza tukiyumvira Ejo haza? Ubwo turakurikirana ibiba ahandi? Nkubu amaraso urwanda na Kagame bamenye muri congo ubwo baribaza ko bazobibazwa n’ababobo n’ imiryango yabo? Ejo hatubikiye vyinshi bikinyegejwe.
Tumwite BARARUHIGA, turasubiramwo tumwise BARARUHIGA.
Ntarindi zina rimukwiye ataru BARARUHIGA.
Publié le 20/01/2026 à 18:08

← Retour aux articles